1 / 16

IH AHAMUKA

IH AHAMUKA. Ico Ari Co N’ Ibimenyetso Vyaryo Ku Bana Vyateguwe na David Niyonzima, M.A. Umuyobozi wa THARS. Aho Ihahamuka Riva. Intangamarara: Ibidushikira mu buzima ni vyinshi. Bimwe muri ibi ni ibituremera Ibituremera bidusigamwo imvune ku mubiri , mu mutwe no mu mutima .

nero-henson
Download Presentation

IH AHAMUKA

An Image/Link below is provided (as is) to download presentation Download Policy: Content on the Website is provided to you AS IS for your information and personal use and may not be sold / licensed / shared on other websites without getting consent from its author. Content is provided to you AS IS for your information and personal use only. Download presentation by click this link. While downloading, if for some reason you are not able to download a presentation, the publisher may have deleted the file from their server. During download, if you can't get a presentation, the file might be deleted by the publisher.

E N D

Presentation Transcript


  1. IHAHAMUKA Ico Ari Co N’ Ibimenyetso Vyaryo Ku Bana Vyateguwe na David Niyonzima, M.A. Umuyobozi wa THARS

  2. Aho Ihahamuka Riva • Intangamarara: Ibidushikira mu buzima ni vyinshi. Bimwe muri ibi ni ibituremera • Ibituremerabidusigamwo imvune ku mubiri, mu mutwe no mu mutima. • Ibituremera bishobora kuba vyiza canke bikaba bibi • Vyiza: Guhabwa impera. • Bibi: Ikintu cose gituma turengerwa

  3. “Ihahamuka riza mu gihe umuntu yaciye, yabonye, yashikiwe n’ikintu canke ibintu vyahatswe kwica, gukomeretsa canke gusesereza ubuzima bwiwe canke ubwo abandi”. Umwuzure Gucika kw’icumu Guterwa grenade Kuraswa Gufatwa ku nguvu Kugira abana batumvira Guturirirwa inzu

  4. Ni mwandike namwe ivyo mwibaza bihahamura Kwibwa, Kubura se na nyina Guhohotera,Kuboherwa ku co udashaka Kubona abakubitwa n’inkuba Kurwara igihe kirekire Guturatuzwa Kubona icakwiciye Ubukene Umubano mubi Ubutunzi Umukoresha mubi Kubura benshi Iterabwoba Gusambishwa Intambara Gukumirwa Kubesherwa Kwangazwa Gufungwa urenganywa Guhemukirwa Kubura uwo mwubakana Kurenganywa Gupfakara Kutavyara Ubumuga Gucirirwa urwo gupfa Kubengwa kenshi Gukurwa ku butegetsi nabi Gutandukanywa n’abana Kubona aho bagririra nabi uwundi

  5. Uko Uwahahamutse Amera * Uko Yiyumva (emotion): Kurengerwa, gushavura, kucika intege, kwuma, agatengo, kwiyagiriza, agahinda, kubura ico yokora, kubura ibiragamo, kutaba agifise ikimunezereza • Ku mubiri: Kuruha, kudasinzira, gukabagurika, kumeneka umutwe, kuribwa, kutagira aho yiyumva, kutarya, kutarangura amabanga nk’uko yahora • Mu mutwe: Kudahitamwo neza, urwiba, kujuragirika, kutizigira abandi, kwishira hasi,ubwoba, kutabona ibintu uko biri, kugira ivyiyumviro biguma bigucamwo bitajanye • Mu mibano: Kwikumira, kwama afise ivyo bapfa n’abandi, kutaba agishobora gukora neza ivyo yahora akora, kugira ingorane mu gukurikira ivyigwa no gukora ivyo asabwa kw ishure.

  6. Ni muvuge bimwe muri ibi vyoba vyarabashikiye: Kwumva utameze nk’abandi Gusara ………………….

  7. Ingene Ihahamuka Rigirira Nabi Abana Intangamarara: Uko abakuze bagira ingorane zitumwa n’ihahahamuka, ni ko n’abana bazigira ariko bakazerekana mu buryo bungana nk’uko bangana nyene. Kubera bazerekana mu buryo bw’ubwana, kenshi abakuze birabagora kubona no kumenya uko bobafasha.

  8. Abana bamaze imyaka 2 kugeza kuri 5 • Bashobora gusubira inyuma bagasubira ku vyo barenganye: kurira mama agiye, gusoba aho baryamye, gukara, kwibaza ko ari bo vyovuyeko • Kwibaza ko abantu bakora ibintu bivuye kuri bo, canke bakabwirizwa gukora ivyo bashaka, bitabaye uko akaba atadashoboka

  9. Ibimenyetso ku bana bari hagati y’imyaka 2 - 5 Gutinya no guhoma ku bavyeyi Kudashaka ko umuvyeyi agenda Kwibaza kw’ivyabaye vyavuye kuri bo Gutinya ko bigaruka Gusubira ibwana: kutirarana, imvugo yari yararenganye, gusoba Ibindi mwabonye:

  10. Abana bamaze imyaka 6 kugeza kuri 12 • Abana bageze kuba muri primaire barashobora gusubira ibwana ariko barashobora no kwerekana ibimenyetso vy’abakuze: kudakurikira ibivugwa, kwibagira, kudatahura, kudasinzira neza, ivyo bigatuma badakora neza mw’ishure. • Barashobora kwifata nk’abataragera kuja mw’ishure. Mu kwibaza ko ari bo babitumye biba, barashobora kubirengana. Uku kubirengana kuragoye cane kuko bagushikira guciye mu kumva bicujije, kwikumira, kutanezerezwa n’ivyahora bibanezereza, kwumva bababara umubiri wose, bakabura aho buyumva, bakumva batonekara.

  11. Ibimenyetso ku bana bari hagati y’imyaka 6 - 12 Umwitwarariko n’ubwoba bw’ivyoshika ejo Gukarira abandi bana Gukara no gukina inkino zibabaza abandi Kurizwa n’ubusa, no kwikumira Kwa gusubira ibwana Kuraba ko hari ico yokora akagiherana. Ibindi mwoba mumaze kubona:

  12. Abayabaga, imyaka nka 12 kugeza kuri 21 • Uko bavyifatamwo mu gihe bahahamutse biragoye cane kubera: • Bibaza ko bakuze ariko bakiri abana • Inguvu z’ugukura kwabo bakoresha mu gushaka kurengera ivyo babonye iyo zisenzwe baca bakora ibituma bagira ingorane na rwose: gukara, kwiroha mu vyo badashobora, ubusambanyi, kwiha imiti yobakiza, ibiyayura umutwe, itabi n’inzoga zirenze, ukudendebukirwa, ukwikumira, ukwiyumvira kwiyahura.

  13. Ibimenyetso ku miyabaga, imyaka nka 12 - 21 Kwigirira nabi: gushurashura, urumogi, n’inzoga Kutibanga, kwiroha Kwicuza igituma bariho, kwikumira Ko ubuzima ataco bumaze Kutumvira amategeko Gutonekara umubiri wose, Gutinya kazoza, Ibindi mwoba mumaze kubabonako:

  14. Ico Wokora nk’Umurezi • Kwumviriza ukabaremesha, utabaretse ngo barengane aho bahora bageza • Bereke urukundo, bashiremwo ivyizigiro • Bereke ko ushoboye, ko isi itayangaye • Abakuze, babaze uko biyumva. Bereke ko ubona ko bazi kuvuga ivyabashikiye • Babaze ingene bari gukora iyo baba bari ahandi, ubareke babiyage n’abo bangana • Bigishe ko ari ibisanzwe kwiyumva gurtyo kandi ko ivyabashikiye bitazobandanya • Abarezi iyo bavyifashemwo neza n’abana bavyifatamwo neza. Ifate imbere yabo nk’aho katabaye, ntugwe mu gatengo, bavugishe

  15. Ibindi Wokora nk’Umurezi • Ibifasha umurezi kwifata neza mu gihe habaye ibihahamura, ni kurya neza, kwinonora imitsi, kuruhuka neza. • Inyishu uha ihahamuka ni zo zituma abana barikira canke barigumamwo. • Wirinde kuvugana ishavu, guta ibirake ku bandi no guhiga kwihora. • Ivyo tuvuga abana bumva bica birema igicapu c’ihahamuka mu bana. • Ububabare bumvize mu barezi, baca babwikorera bumve na bo bokwihora, muri ico gihe uzoba wabivye imbuto z’amatati muri bo. • Ni bashushanye avyabashikiye bongere bakubwiye ico ivyo bicapu canke ivyo bishusho bisigura, umviriza gusa

More Related